Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 71

Yehova yarakingiye Yezu

Yehova yarakingiye Yezu

Mu gihugu kimwe co mu buseruko bwa Isirayeli, hariho abantu bemera ko inyenyeri zishobora kubayobora. Umusi umwe mw’ijoro, hari abantu bo muri ico gihugu babonye mu kirere ikintu kimeze nk’inyenyeri yaka cane kiriko kiragenda, baca baragikurikira. Ico kintu carabayoboye kibashikana i Yeruzalemu. Baciye batangura kubaza abantu bati: ‘Uwo mwana azoba umwami w’Abayuda ari hehe? Twaje kumwunamira.’

Herodi yari umwami w’i Yeruzalemu. Yumvise ivy’uwo mwami mushasha, yaciye agira ubwoba. Yabajije abakuru b’abaherezi ati: ‘Uwo mwami yovukiye hehe?’ Na bo bati: ‘Abahanuzi bavuze ko azovukira i Betelehemu.’ Herodi yaciye ahamagara ba bagabo ababwira ati: ‘Nimuje i Betelehemu murondere uwo mwana. Muzoce mugaruka mumbwire aho ari. Na jewe nshaka kuja kumwunamira.’ Ariko yariko arababesha.

Ca kintu kimeze nk’inyenyeri caciye gisubira kugenda. Ba bagabo baragikurikiye gushika i Betelehemu. Gishitse hejuru y’inzu imwe carahagaze, na bo baca barinjira muri iyo nzu. Basanzeyo Yezu na nyina wiwe Mariya. Barunamiye uyo mwana baca baramuha inzahabu n’ibintu bimota bita imibavu n’imira. Yehova yoba ari we yarungitse abo bagabo kurondera Yezu? Oya.

Muri iryo joro, Yehova yabwiye Yozefu mu ndoto ati: ‘Herodi ashaka kwica Yezu. Tora umugore wawe n’umwana wawe muhungire mu Misiri. Muzogumeyo gushika ndababwiye ngo mugaruke.’ Ubwo nyene Yozefu n’umuryango wiwe baciye baja mu Misiri.

Yehova yari yabujije ba bagabo gusubira kwa Herodi. Herodi abonye ko batagarutse, yaciye ashavura cane. Kubera ko atari gushobora kumenya aho Yezu ari, yaciye ategeka ko bica abana bose b’abahungu b’i Betelehemu bangana na Yezu. Yezu we yari yibereye mu Misiri.

Herodi yahavuye apfa. Yehova yaciye abwira Yozefu ati: ‘Ubu urashobora guhunguka.’ Yozefu, Mariya na Yezu baciye basubira muri Isirayeli, baja kuba mu gisagara ca Nazareti.

“Ni ko n’ijambo ryanje riva mu kanwa kanje rizomera . . . , kandi ata kabuza rizororanirwa mu co naritumye.”​—Yesaya 55:11