Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 72

Yezu akiri muto

Yezu akiri muto

Yozefu na Mariya baba i Nazareti hamwe na Yezu be n’abandi bana babo. Yozefu yakora akazi ko kubaza kugira aronke ibitunga umuryango, kandi yarigisha umuryango wiwe ivyerekeye Yehova n’amategeko yiwe. Bama baja kw’isinagogi gusenga, kandi buri mwaka baraja guhimbaza Pasika i Yeruzalemu.

Igihe Yezu yari afise imyaka 12, umuryango wabo waragize urugendo rurerure uja i Yeruzalemu nk’uko wama ubigira. Ico gisagara cari cuzuyemwo abantu baje guhimbaza Pasika. Pasika irangiye, Yozefu na Mariya barafashe urugendo barataha. Bibaza ko Yezu yari mu bantu bari bafadikanije urugendo, ariko baramurondeye mu ncuti zabo baramubura.

Baciye basubira i Yeruzalemu, bamara imisi itatu bamurondera. Baratevye barashika no ku rusengero. Aho ni ho basanze Yezu, yicaye hagati y’abigisha, abumviriza yitonze yongera ababaza ibibazo. Abo bigisha baratangaye cane ku buryo na bo nyene bamubaza ibibazo. Barumijwe n’inyishu yabaha. Bariboneye ko yatahura amategeko ya Yehova.

Yozefu na Mariya bari bahagaritse umutima cane. Mariya yamubwiye ati: ‘Mwana, urazi aho twakurondereye!’ Yezu yamwishuye ati: ‘Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba ndi ng’aha mu nzu ya Dawe?’

Yezu yaciye atahana n’abavyeyi biwe i Nazareti. Yozefu yarigishije Yezu umwuga wo kubaza. Wiyumvira ko Yezu yari ameze gute akiri muto? Uko Yezu yagenda arakura ni ko yarushiriza kugira ubwenge no gukundwa n’Imana n’abantu.

“Gukora ukugomba kwawe, ewe Mana yanje, ni vyo vyampimbaye, kandi itegeko ryawe riri imbere muri jewe.”​—Zaburi 40:8