Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 73

Yohani ategura inzira

Yohani ategura inzira

Yohani umuhungu wa Zekariya na Elizabeti amaze gukura yabaye umuhanuzi. Yehova yarakoresheje Yohani mu kwigisha abantu ko Mesiya yari mu kuza. Yohani yigishiriza mu gahinga aho kwigishiriza mu masinagogi no mu bisagara. Abantu b’i Yeruzalemu n’i Yudaya hose baraza ngo abigishe. Yababwira ko bategerezwa guheba ibibi kugira banezereze Imana. Abantu benshi bamaze kwumva ivyo Yohani yigisha baca baheba ibibi bakora, na we agaca ababatiza mu ruzi Yorodani.

Yohani yari abayeho mu buryo busanzwe. Yambara impuzu zikozwe mu bwoya bw’ingamiya, akarya inzige n’ubuki bwo mw’ishamba. Abantu baramutangarira. Mbere na ba Bafarizayo n’Abasadukayo b’ubwibone baraza kumuraba. Yohani yababwira ati: ‘Nimuhinduke mureke ibibi. Ntimwirate ngo muri abana ba Aburahamu. Erega ntibica bituma muba abana b’Imana!’

Abantu benshi baraza aho Yohani ari bakamubaza bati: ‘Dukore iki kugira tunezereze Imana?’ Yohani yababwira ati: ‘Nimba ufise impuzu zibiri, nuhe imwe uwudafise.’ None urazi igituma yabishura gutyo? Yashaka ko abigishwa biwe bamenya ko bategerezwa gukundana kugira banezereze Imana.

Abatozakori yababwira ati: ‘Ntihagire umuntu mwiba.’ Abasoda na bo akababwira ati: ‘Ntimurye ibiturire canke ngo mubeshe.’

Abaherezi n’Abalewi na bo nyene baraza bakamubaza bati: ‘Uri nde? Erega abantu bose bashaka kubimenya.’ Yohani yabishura ati: ‘Ndi ijwi risemerera mu gahinga, ngo abantu bagaruke kuri Yehova, nk’uko Yesaya yabivuze.’

Abantu barakunda ivyo Yohani yabigisha. Benshi bibaza ko ari we Mesiya. Mugabo Yohani yababwira ati: ‘Hariko haraza uwuhambaye kundusha. Sinkwiye no gupfungura imigozi y’ibirato vyiwe. Jewe mbatiza mu mazi, ariko wewe azobatiza mu mpwemu nyeranda.’

“Uyo muntu yaje ku bw’intahe, kugira ngo ashingire intahe umuco, ngo abantu b’uburyo bwose bemere biciye kuri we.”​—Yohani 1:7