Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 75

Shetani agerageza Yezu

Shetani agerageza Yezu

Yezu ahejeje kubatizwa, impwemu nyeranda yaciye imujana mu gahinga. Kubera ko yamaze imisi 40 atarya, yarashonje cane. Shetani yaciye aza kumugerageza, amubwira ati: ‘Nimba uri Umwana w’Imana vy’ukuri, bwira aya mabuye ahinduke imikate.’ Yezu yamwishuye akoresheje amajambo yo muri Bibiliya, ati: ‘Vyanditswe ko umuntu adakeneye indya gusa kugira abeho. Arakeneye kwumviriza ijambo ryose Yehova avuga.’

Shetani yarongeye kugerageza Yezu ati: ‘Nimba uri Umwana w’Imana vy’ukuri, simbira hasi uvuye hejuru ku rusengero. None ntivyanditswe ko Imana izorungika abamarayika bayo bakagusama?’ Mugabo Yezu yaciye yongera kumwishura akoresheje amajambo yo muri Bibiliya, ati: ‘Vyanditswe ko udakwiye kugeza Yehova.’

Shetani yaciye yereka Yezu ubwami bwose bwo mw’isi, ubutunzi bwabwo n’ubwiza bwabwo, maze amubwira ati: ‘Hamwe wonsenga rimwe gusa, noca ndaguha ubu bwami bwose n’ubwiza bwabwo.’ Ariko Yezu yamwishuye ati: ‘Ja hiyo Shetani! Vyanditswe ko Yehova wenyene ari we ukwiye gusenga.’

Shetani yaciye agenda, abamarayika baca barazanira Yezu ibifungurwa. Kuva ico gihe, Yezu yaciye atangura kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Ni co gikorwa yarungitswe gukora kw’isi. Abantu barakunda ivyo Yezu yabigisha kandi baguma bamukurikira aho yaja hose.

“Iyo [Shetani] avuga ikinyoma, avuga nk’uko agatima kiwe bwite kari, kuko ari umunyakinyoma akaba na se w’ikinyoma.”​—Yohani 8:44