Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 76

Yezu ahumanura urusengero

Yezu ahumanura urusengero

Mu mwaka wa 30, Yezu yaragiye ku rusengero i Yeruzalemu. Abantu benshi bari baje guhimbaza Pasika. Mu kuyihimbaza baratanga ibimazi vy’ibitungwa ku rusengero. Bamwe baza bavyizaniye, abandi bakabigurira aho i Yeruzalemu.

Yezu yinjiye mu rusengero, yarabonye abantu bariko baragurishirizayo ibitungwa. Bariko baronderera amahera mu nzu yo gusengeramwo Yehova! None Yezu yaciye akora iki? Yarafashe imigozi arayizinga nk’ikimoko, aca ahindira hanze intama n’inka zari mu rusengero. Yarahenuye amameza y’abavunja amahera yongera arasanzaza ibingorongoro vyabo. Yezu yabwiye abariko baragurisha inuma ati: ‘Kura ivyo bintu ng’aha! Mugomba guhindura inzu ya Dawe isoko?’

Abari ku rusengero baratangaye babonye ivyo Yezu akoze. Abigishwa biwe baciye bibuka ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bugira buti: ‘Nzogirira umwete mwinshi inzu ya Yehova.’

Ikindi gihe, mu mwaka wa 33, Yezu yarasubiye kwirukana abariko baradandariza mu rusengero. Yashaka ko abantu bose bubaha inzu ya Se wiwe.

“Ntimushobora kuba abashumba b’Imana n’ab’Ubutunzi.”​—Luka 16:13