Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 79

Yezu akora ibitangaro vyinshi

Yezu akora ibitangaro vyinshi

Yezu yaje kw’isi kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Yehova yaramuhaye impwemu nyeranda kugira ashobore gukora ibitangaro. Ivyo bitangaro vyarerekana ivyo azokora niyaba Umwami. Yarakiza ingwara zose. Aho yaja hose, abarwayi baraza akabakiza. Impumyi zarahumuka, abatumva bakumva, abamugaye bagatambuka, abiziziwe n’amadayimoni na bo akabavamwo. Naho bakora gusa ku mpuzu yiwe baca bakira. Abantu barakurikira Yezu aho yaja hose. N’igihe yaba ashaka kuguma ari wenyene, ntiyigera abirukana.

Igihe kimwe, abantu barazaniye Yezu umugabo amugaye. Ariko kubera hari abantu benshi, ntibashoboye kwinjira mu nzu Yezu yarimwo. Baciye batobora hejuru maze bururukiriza uwo muntu aho Yezu yari. Yezu yamubwiye ati: ‘Haguruka utambuke.’ Abantu baratangaye cane babonye ahagurutse.

Ikindi gihe Yezu yarinjiye mu kigwati kimwe, hanyuma abagabo cumi b’abanyamibembe bari bahagaze nka hariya barasemerera bati: ‘Yezu, dufashe!’ Ico gihe abanyamibembe ntibemererwa kwegera abandi bantu. Yezu yaciye ababwira ngo baje ku rusengero kuko Itegeko rya Yehova ryavuga ko umunyamibembe akize yoca aja ku rusengero. Bariko baragenda baciye bakira. Umwe muri bo abonye ko yakize, yaragarutse gushimira Yezu no kuninahaza Imana. Muri abo cumi, uwo umwe wenyene ni we yashimiye Yezu.

Hari umugore yari amaze imyaka 12 arwaye, kandi vyari vyaranse ko akira. Abonye Yezu ari mu bantu benshi, yaciye asoboka amukora ku mpuzu. Ubwo nyene yaciye akira. Yezu yaciye abaza ati: “Ni nde ankozeko?” Naho uwo mugore yagize ubwoba, yaregereye Yezu aramubwira igituma yamukozeko. Yezu yaramuhumurije ati: ‘Mukobwa wanje, genda amahoro.’

Umusoda umwe yitwa Yayiro yaringinze Yezu ati: ‘Nuze muhira iwanje! Agakobwa kanje kararwaye cane.’ Ariko ako gakobwa kapfuye Yezu atarashikayo. Ashitseyo, yahasanze abantu benshi bari baje kuraba uwo muryango. Yababwiye ati: ‘Nimureke kurira; arasinziriye.’ Yaciye afata ukuboko ako gakobwa, akabwira ati: “Haguruka!” Kaciye kavyuka karicara, Yezu aca abwira abavyeyi bako ngo bagahe ivyo kurya. Abavyeyi bako baranezerewe cane.

‘Imana yaramurobanuje impwemu nyeranda n’ububasha. Yaraca mu gihugu akora ivyiza yongera akiza abo bose bahahazwa na Shetani, kuko Imana yari kumwe na we.’​—Ivyakozwe 10:38