Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 81

Insiguro yo ku musozi

Insiguro yo ku musozi

Yezu ahejeje gutora za ntumwa 12, yaciye amanuka umusozi aja ahantu hari hakoraniye abantu benshi. Bari baje bava i Galilaya, i Yudaya, i Tiro, i Sidoni, muri Siriya no hakurya ya Yorodani. Bari bazanye abantu barwaye indwara zitandukanye harimwo n’abarwaye amadayimoni. Bose Yezu yarabakijije. Yaciye yicara atangura kubigisha. Yaravuze ivyo dutegerezwa gukora kugira tube abagenzi b’Imana. Dutegerezwa gutahura ko dukeneye kumenya Yehova kandi tukamukunda. Ariko ntidushobora gukunda Imana nimba tudakunda abantu nkatwe. Ntidukwiye kurenganya abandi, kandi dutegerezwa kugirira neza abantu bose, mbere n’abatwanka.

Yezu yavuze ati: ‘Ntimukwiye gukunda abagenzi banyu gusa. Murakwiye gukunda n’abansi banyu kandi mugaharira abandi bivuye ku mutima. Hagize uwugushavurira, nuce ugenda umusabe ikigongwe. Nimufate abandi nk’uko mushaka ko na bo babafata.’

Yezu yarabahaye kandi impanuro nziza ku bijanye n’amahera. Yavuze ati: ‘Kuba umugenzi wa Yehova biraruta kugira amahera menshi. Ibisuma vyoshobora kwiba amahera yawe ariko nta n’umwe ashobora kwiba ubugenzi ufitaniye na Yehova. Ntimugume mwiganyira ngo tuzorya iki, tuzonywa iki canke tuzokwambara iki? Nimurabe inyoni. Imana yama izigaburira. Kwiganyira ntibica bituma mubaho igihe kirekire. Nimwibuke ko Yehova azi ivyo mukeneye.’

Abo bantu ntibari bwigere bumva umuntu yigisha nka Yezu. Abakuru b’amadini yabo ntibari bwabigishe ibintu nk’ivyo. None ni kubera iki Yezu yigisha neza? Ni kubera ivyo yigisha yabikura kuri Yehova.

“Mwishireko ingǒgo yanje munyigireko, kuko nitonda kandi niyoroheje mu mutima, namwe muzokwumva muruhuriwe.”​—Matayo 11:29