Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 84

Yezu agendera ku mazi

Yezu agendera ku mazi

Yezu yarakiza abarwaye akazura n’abapfuye, ariko kandi yarashobora gutegeka umuyaga n’imvura. Ahejeje gusenga ari ku musozi, yararavye ku kiyaga ca Galilaya abona hariyo umuyaga mwinshi. Abigishwa biwe bari mu bwato, bariko barasoza banigana na nya muyaga. Yezu yaciye amanuka uwo musozi atangura kugendera ku mazi aja iyo bari. Abo bigishwa baragize ubwoba babonye umuntu ariko agendera ku mazi. Ariko Yezu yaciye ababwira ati: ‘Ni jewe. Ntimutinye.’

Petero yamubwiye ati: ‘Mukama, nimba ari wewe vy’ukuri, mbwira nze aho uri.’ Yezu na we ati: ‘Ingo.’ Petero yaravuye mu bwato muri uwo muyaga, aragendera ku mazi aja aho Yezu ari. Mugabo agira amushikire, yararavye uwo muyaga aca agira ubwoba. Yaciye atangura kunyika, maze asemerera ati: ‘Mukama, ntabara!’ Yezu yaciye amufata ukuboko, amubwira ati: ‘Kuki watanguye gukekeranya? Nta kwizera ufise?’

Yezu na Petero baciye burira muri nya bwato, ubwo nyene wa muyaga uca urahera. Urazi ingene intumwa zanezerewe! Zamubwiye ziti: “Uri Umwana w’Imana vy’ukuri.”

Ntiryari ryo rya mbere Yezu atururuje umuyaga. Ikindi gihe, Yezu n’intumwa ziwe bari mu bwato bariko barajabuka ikiyaga, aca aja kuryama inyuma mu bwato. Haradutse umuyaga mwinshi igihe yari asinziriye. Imipfunda yaguma yikubita ku bwato gushika n’aho bwuzura amazi. Intumwa zaciye zimukangura, zimubwira ziti: ‘Mwigisha, dutabare!’ Yezu yaciye avyuka abwira ikiyaga ati: “Tekereza!” Ubwo nyene wa muyaga n’ikiyaga vyaciye biturura. Yaciye ababaza ati: ‘Nta kwizera mufise?’ Baciye babwirana bati: ‘N’umuyaga n’ikiyaga biramugamburukira!’ Intumwa zaciye zitahura ko igihe zizigiye Yezu zigaherezako, ata kintu na kimwe zikwiye gutinya.

‘Mba ndi hehe iyo ntaba nizeye kubona ukumera neza kwa Yehova mu gihugu c’abazima?’​—Zaburi 27:13