Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 85

Yezu akiza umuntu kw’Isabato

Yezu akiza umuntu kw’Isabato

Abafarizayo baranka Yezu kandi baguma barondera icotuma bamufata. Bavuga ko adakwiye gukiza abantu kw’Isabato. Umusi umwe kw’Isabato, Yezu yarabonye impumyi yariko irasega kw’ibarabara. Yaciye abwira abigishwa biwe ati: ‘Reka mwirabire ingene ububasha bw’Imana bukiza uyu muntu.’ Yarabumvye utwondo akoresheje amate yiwe, aca adusiga ku maso y’uwo muntu. Yaciye amubwira ati: ‘Genda wiyoge mu maso mu kidengeri ca Silowamu.’ Uwo mugabo yarabikoze, aca arabona. Kuva avuka ntiyari bwigere abona.

Abantu baratangaye cane, ku buryo babazanya bati: ‘Uyu yoba ari wa mugabo yahora asega, canke ni uwo basa?’ Uwo mugabo yaciye ababwira ati: ‘Ni jewe!’ Na bo bati: ‘None ko utakiri impumyi?’ Yarababwiye ivyari vyabaye, baca bamutwara ku Bafarizayo.

Uwo mugabo yabwiye Abafarizayo ati: ‘Yezu yaransize utwondo ku maso, aca ambwira ngo nje kwiyoga. Narabigize, none ehe ndabona.’ Abafarizayo baciye bavuga bati: ‘Ko Yezu akiza kw’Isabato, ububasha bwiwe ntibuva ku Mana.’ Ariko abandi bantu bavuze bati: ‘Iyaba butava ku Mana, ntaba ashobora gukiza.’

Abafarizayo baciye bahamagara abavyeyi biwe, bababaza bati: ‘Uyu mwana wanyu yahumutse gute?’ Abavyeyi biwe baratinye kuko Abafarizayo bari bavuze ko umuntu wese yizera Yezu azoca yirukanwa mw’isinagogi. Baciye bishura bati: ‘Nta vyo tuzi. Nimumwibarize.’ Abafarizayo baramubajije ibibazo vyinshi, gushika n’aho ababwira ati: ‘Vyose nabibabwiye. None muguma mubimbariza iki?’ Barashavuye cane, baca baramwirukana.

Yezu yaragiye kurondera uwo mugabo, amubaza ati: ‘Urizera Mesiya?’ Na we ati: ‘Nari kumwizera iyaba nari ndamuzi.’ Yezu yaciye amubwira ati: ‘Ni jewe Mesiya.’ Wumva Yezu atari afise umutima mwiza? Yarakijije uwo muntu yongera aramufasha kugira ukwizera.

“Mwarahuvye, kubera ko mutazi Ivyanditswe canke ngo mumenye ububasha bw’Imana.”​—Matayo 22:29