Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 87

Pasika ya nyuma

Pasika ya nyuma

Abayuda bama bahimbaza Pasika buri mwaka ku musi ugira 14 w’ukwezi kwa Nisani. Pasika yarabibutsa ukuntu Yehova yabakuye mu buja mu Misiri, akabajana mu Gihugu c’isezerano. Mu mwaka wa 33, Yezu n’intumwa ziwe bahimbarije Pasika mu cumba co hejuru c’inzu imwe y’i Yeruzalemu. Bahejeje kurya, Yezu yababwiye ati: ‘Umwe muri mwebwe araza kungurisha.’ Intumwa zarababaye, zica zibaza Yezu ziti: ‘Ni nde?’ Yezu yabishuye ati: ‘Ni uwo ngira mpe uwu mukate.’ Yaciye aha umukate Yuda Isikariyoti. Ubwo nyene Yuda yaciye ahaguruka arasohoka.

Yezu yaciye asenga, aramanyura umukate, awuha intumwa zari zisigaye maze avuga ati: ‘Nimurye uwu mukate. Ugereranya umubiri wanje ngiye gutanga ku bwanyu.’ Yaciye atora n’umuvinyu, arasenga, awuha intumwa ziwe maze avuga ati: ‘Nimunywe uwu muvinyu. Ugereranya amaraso yanje ngiye gutanga kugira ngo ivyaha biharirwe. Ndabemereye ko muzoba abami hamwe nanje mw’ijuru. Buri mwaka murame mugira ibi mu kunyibuka.’ N’ubu abigishwa ba Yezu barakoranira hamwe buri mwaka kugira bibuke ico kintu. Ivyo ni vyo bita Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba.

Bahejeje kurya, intumwa zarahaririye zishaka kumenya uwuhambaye kuruta abandi muri zo. Ariko Yezu yababwiye ati: ‘Uwuhambaye kuruta abandi muri mwebwe ni uwubona ko ari mutoyi, ko ata co amaze.

‘Muri abagenzi banje. Ndababwira ibintu vyose Data ashaka ko ndababwira. Ndi mu gusubira mw’ijuru kwa Data. Mwebwe muzoguma ng’aha, kandi urukundo mukundana ni rwo ruzokwerekana ko muri abigishwa banje. Nimukundane nk’uko nabakunze.’

Mu kurangiza, Yezu yarasenze asaba Yehova ngo akingire abigishwa biwe bose. Yaramusavye ngo abafashe gukorana mu mahoro. Yarasenze asaba ko izina rya Yehova ryezwa. Yezu n’intumwa ziwe baciye baririmbira Yehova hama barasohoka. Hari hasigaye umwanya muto ngo Yezu afatwe.

“Ntimutinye, mwa busho buto, kuko So yashimye kubaha ubwami.”​—Luka 12:32