Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 88

Yezu afatwa

Yezu afatwa

Yezu n’intumwa ziwe barajabutse umwonga Kidironi baja ku musozi w’Imyelayo. Sasita y’ijoro yari imaze kurenga, kandi ukwezi kwaraboneka kwose. Bashitse mw’itongo ry’i Getsemani, Yezu yababwiye ati: “Sigare ng’aha kandi mugume muri maso.” Yezu yaciye yegera imbere gatoyi arapfukama. Yarasenze Yehova n’umubabaro mwinshi ati: “Ukugomba kwawe nikube.” Yehova yaciye arungika umumarayika ngo amuremeshe. Yezu asubiye kuraba za ntumwa ziwe, yasanze batatu muri bo basinziriye. Yababwiye ati: ‘Vyuka! Iki si igihe co gusinzira! Harageze ko abansi banje baza kumfata.’

Mu kanya gatoyi, Yuda yarashitse ari kumwe n’abantu benshi bafise inkota n’amahiri. Yari azi aho baza gusanga Yezu, kuko bakunda kuza aho hantu. Yuda yari yabwiye abo basoda ko aza kubereka Yezu uwo ari we. Yaciye agenda atumbereye Yezu, amubwira ati: ‘Amahoro Mwigisha,’ aca aramusoma. Yezu yaciye amubwira ati: ‘Yuda, uransoma mu kungurisha?’

Yezu yaregeye imbere, abaza abo bantu ati: “Murondera nde?” Na bo bati: “Yezu Umunyanazareti.” Yaciye ababwira ati: “Ni jewe,” nya bantu baca basubiza imigongo inyuma bagwa hasi. Yezu yarongeye kubabaza ati: “Murondera nde?” Na bo basubira kumwishura bati: “Yezu Umunyanazareti.” Yezu yaciye avuga ati: ‘Nababwiye ko ari jewe. Nimureke aba bigire.’

Petero abonye ivyariko biraba, yaciye asokorora inkota aca ugutwi Malikusi umukozi w’umuherezi mukuru. Ariko Yezu yaciye amukora ku gutwi aramukiza. Yaciye abwira Petero ati: ‘Bika iyo nkota yawe. Uwurwanisha inkota azokwicwa n’inkota.’ Abasoda baciye bafata Yezu baramuboha, intumwa na zo zica zirahunga. Baciye bamujana kwa Anasi, umukuru w’abaherezi. Anasi yaramusambishije aca amurungika ku Muherezi mukuru Kayifa. None vyagendeye gute za ntumwa ziwe?

“Mw’isi muragira amakuba, mugabo nimugire umutima rugabo! Jewe naratsinze isi.”​—Yohani 16:33