Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 91

Yezu azuka

Yezu azuka

Yezu amaze gupfa, hari umugabo w’umutunzi yitwa Yozefu yasavye Pilato uruhusha rwo gukura ikiziga ciwe kuri ca giti. Yozefu yaciye akizingira mu gitambara ciza kirimwo ibintu bimota, aca agishira mu mva nshasha. Baciye bayugaza ikibuye kinini. Abakuru b’abaherezi babwiye Pilato bati: ‘Abigishwa ba Yezu bazohava biba ikiziga ciwe bace bavuga ngo yazutse.’ Na we ati: ‘Nimushire ikimenyetso kuri iyo mva muce muyicunga.’

Haheze imisi itatu, hari abagore bagiye kuri iyo mva mu gitondo ca kare, basanga ca kibuye nta kiriko. Umumarayika bahasanze yababwiye ati: ‘Ntimutinye. Yezu yazutse. Genda mubwire abigishwa biwe bazomusange i Galilaya.’

Mariya Magadalena yaciye yiruka kuraba Petero na Yohani, ababwira ati: ‘Hari umuntu yatwaye ikiziga ca Yezu!’ Petero na Yohani baciye biruka ku mva. Basanze igaragara, baca barasubira inyuma.

Igihe Mariya yasubira ku mva, yasanzeyo abamarayika babiri, aca ababwira ati: ‘Sinzi iyo bajanye Umukama wanje.’ Yaciye abona umugabo umwe, yibaza ngo ni umurimyi, aca amubwira ati: ‘Mugenzi, mbwira iyo wamujanye.’ Uwo mugabo yaciye amubwira ati: “Mariya!”, aca arumva ko ari Yezu. Mariya yaciye asemerera ati: “Mwigisha!” aca aramufata. Yezu yaciye amubwira ati: ‘Genda ubwire bene wacu ko wambonye.’ Mariya yaciye yiruka kubwira abigishwa ko yabonye Yezu.

Mu nyuma kuri uwo musi, hari abigishwa babiri bariko bava i Yeruzalemu baja i Emawusi. Umugabo umwe yaraje barajana, aca arababaza ivyo bariko baravuga. Bamubwiye bati: ‘Nta vyo urumva? Haraciye imisi itatu abakuru b’abaherezi bicishije Yezu. None ubu hari abagore bavuze ko ari muzima!’ Yaciye ababaza ati: ‘None ntimwemera abahanuzi? Bari baravuze ko Kristu azopfa hanyuma akazuka.’ Yaciye abandanya kubasigurira Ivyanditswe. Bashitse i Emawusi, abo bigishwa baramusavye ngo agumane na bo. Bagira bafungure, yarasengeye umukate baca baramenya ko ari Yezu. Yaciye akamangana.

Abo bigishwa baciye basubira i Yeruzalemu mu nzu intumwa zarimwo, barazibwira ivyabaye. Bakiri ng’aho mu nzu, Yezu yarabiyeretse bose. Mu ntango intumwa ntizemeye ko ari we. Yaciye ababwira ati: ‘Ndaba mu ntoke; nimunkoreko. Vyari vyaranditswe ko Kristu azozuka.’

“Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.”​—Yohani 14:6