Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 92

Yezu yiyereka abarovyi

Yezu yiyereka abarovyi

Haheze imisi Yezu yiyeretse intumwa, Petero yaragiye kuroba ku kiyaga ca Galilaya. Yajanye na Toma, Yakobo, Yohani n’abandi bigishwa. Bamaze ijoro ryose baroba, ariko ntibaronka ifi n’imwe.

Bukeye, barabonye umuntu ahagaze ku nkengera. Nya muntu yarabahamagaye ababaza ati: ‘Nta fi mwaronse?’ Na bo bati: “Oya!” Nya muntu yaciye ababwira ati: “Terere urusenga i buryo bw’ubwato.” Babigize, urusenga rwaciye rwuzura amafi ku buryo bibananira kurukwega. Ubwo nyene Yohani yaciye amenya ko ari Yezu, aca avuga ati: “Ni Umukama!” Petero yaciye asimbira mu mazi aroga gushika ku nkengera. Abandi bigishwa baciye baza mu bwato.

Bashitse ku nkengera, barabonye umukate n’amafi biri ku mucanwa. Yezu yaciye abasaba ngo bazane ku mafi bahejeje kuroba kugira bongereze, hanyuma ababwira ati: ‘Ingo mufungure!’

Bahejeje gufungura, Yezu yarabajije Petero ati: ‘Urankunda kuruta kuroba?’ Na we ati: ‘Ego Mukama. Urazi ko ndagukunda.’ Yezu yaciye amubwira ati: ‘Gaburira intama zanje.’ Yarasubiriye kumubaza ati: ‘Petero, urankunda?’ Na we ati: ‘Mukama, urazi ko ndagukunda.’ Yezu aca amubwira ati: “Ragira intama zanje ntonto.” Yaramubajije n’irya gatatu. Petero yarababaye cane, aca avuga ati: ‘Mukama, urazi vyose. Urazi ko ndagukunda.’ Yezu yaciye amubwira ati: “Gaburira intama zanje ntonto.” Mu gusozera yamubwiye ati: “Guma unkurikira.”

“[Yezu] ababwira ati: ‘Nimunkurikire, nanje nzobagira abarovyi b’abantu.’ Baca baheba za nsenga, baramukurikira.”​—Matayo 4:19, 20