Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 93

Yezu asubira mw’ijuru

Yezu asubira mw’ijuru

Yezu yarahuriye i Galilaya n’abigishwa biwe. Yabahaye itegeko rihambaye rigira riti: ‘Nimugende muhindure abantu bo mu bihugu vyose abigishwa. Mubigishe ibintu nabigishije kandi mubabatize.’ Yaciye abasezeranira ati: ‘Muribuka ko nzokwama ndi kumwe namwe.’

Mu misi 40 Yezu yamaze yazutse, yariyeretse abigishwa biwe amajana i Galilaya n’i Yeruzalemu. Yarabigishije ibintu bihambaye yongera arakora ibitangaro vyinshi. Yarabonanye irya nyuma n’intumwa ziwe ku musozi w’Imyelayo. Yari yarababwiye ati: ‘Ntimuzove i Yeruzalemu. Muragume murindiriye ico Data yabasezeraniye.’

Intumwa ziwe ntizatahuye ico azibwiye. Zamubajije ziti: ‘Ubu ni ho ugira ube Umwami wa Isirayeli?’ Na we ati: ‘Igihe Yehova yashinze c’uko mba Umwami ntikiragera. Vuba muzoronka ububasha bw’impwemu nyeranda kandi muzoba ivyabona vyanje. Nimugende, mwamamaze i Yeruzalemu, i Yudaya, i Samariya no mu turere twa kure tw’isi.’

Yezu yaciye aduga mu kirere maze ibicu biramupfuka. Abigishwa biwe bagumye baraba mu kirere ariko yari yamaze gukamangana.

Abigishwa baravuye kuri uwo musozi baja i Yeruzalemu. Bama bakoranira hamwe mu cumba co hejuru, bagasenga. Bagumye barindiriye ko Yezu abaha ubundi buyobozi.

“Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.”​—Matayo 24:14