Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 94

Baronka impwemu nyeranda

Baronka impwemu nyeranda

Haciye imisi cumi Yezu asubiye mw’ijuru, abigishwa biwe bararonse impwemu nyeranda. Hari kuri Pentekoti yo mu mwaka wa 33 kandi abantu bo mu turere dutandukanye bari baje i Yeruzalemu kuri uwo musi mukuru. Abigishwa nka 120 bari bakoraniye mu cumba co hejuru. Bagiye babona ikintu gitangaje: ku mutwe w’umwumwe wese haraje ikintu kimeze nk’urubeya, baca batangura kuvuga izindi ndimi. Muri iyo nzu haciye humvikana urwamo nk’urw’umuyaga w’igihuhusi.

Abantu bari baje i Yeruzalemu bavuye mu bindi bihugu barumvise urwo rwamo, baca birukayo kuraba ibibaye. Baratangaye bumvise abigishwa bariko bavuga indimi zabo. Bavuze bati: ‘Aba bantu ni ab’i Galilaya! None bashoboye gute kuvuga indimi zacu?’

Petero n’izindi ntumwa baciye bahagarara imbere y’abo bantu. Petero yarababwiye ko Yezu yishwe n’uko Yehova yamuzuye. Yaciye ababwira ati: ‘Ubu Yezu ari mw’ijuru i buryo bw’Imana kandi yaturungikiye impwemu nyeranda yari yaradusezeraniye. Ni co gituma mubona ibi bitangaro.’

Abantu barashimye ivyo Petero yababwiye, baca bamubaza bati: ‘None dukore iki?’ Yababwiye ati: ‘Nimuhebe ivyaha vyanyu hama mubatizwe mw’izina rya Yezu. Na mwebwe muzoronka ingabire y’impwemu nyeranda.’ Kuri uwo musi, abantu nka 3.000 barabatijwe. Kuva ico gihe, abigishwa baciye batangura kwongerekana cane i Yeruzalemu. Intumwa zibifashijwemwo n’impwemu nyeranda, zarashinze ayandi mashengero kugira zishobore kwigisha abandi ivyo Yezu yabategetse.

“Niwatura icese iryo ‘jambo mu kanwa kawe bwite,’ yuko Yezu ari Umukama, kandi ukizera mu mutima wawe yuko Imana yamuzuye mu bapfuye, uzokizwa.”​—Abaroma 10:9