Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 96

Yezu atora Sauli

Yezu atora Sauli

Sauli yari Umuroma yavukiye i Taruso. Yari Umufarizayo azi cane amategeko y’Abayuda kandi yaranka abakirisu. Yarabakura mu mazu yabo, baba abagabo canke abagore, akabata mu gasho. Igihe abantu batera amabuye umwigishwa Sitefano gushika apfuye, Sauli yari ahagaze ng’aho ariko aravyitegereza.

Ariko Sauli ntiyagarukiye ku bakirisu b’i Yeruzalemu gusa. Yarasavye umuherezi mukuru ngo amurungike mu gisagara c’i Damasiko gufata abakirisu baho. Agira ashikeyo, yagiye abona umuco mwinshi ukayanganira irya n’ino yiwe, aca agwa hasi. Yaciye yumva ijwi rimubwira riti: ‘Sauli, uriko umpamira iki?’ Sauli yabajije ati: ‘Uri nde?’ Nya jwi na ryo riti: ‘Ndi Yezu. Niwinjire i Damasiko. Uzomenyeshwa ico ukwiye gukora.’ Ubwo nyene Sauli yaciye ahuma, baca baramufata ukuboko bamujana i Damasiko.

I Damasiko hariyo umukirisu yitwa Ananiya. Yezu yaramubonekeye amubwira ati: ‘Nuje ku nzu ya Yuda kw’ibarabara ryitwa Irigororotse, urondere uwitwa Sauli.’ Ananiya yishuye ati: ‘Mukama, uwo muntu ndamuzi! Ahora apfungisha abigishwa bawe!’ Ariko Yezu yamubwiye ati: ‘Genda umurabe. Naramutoye ngo yamamaze inkuru nziza mu bihugu vyinshi.’

Ananiya yaragiye kuraba Sauli, amubwira ati: ‘Sauli muvukanyi, Yezu yandungitse ngo ndaguhumure amaso.’ Ubwo nyene Sauli yaciye ahumuka. Yarize ivyerekeye Yezu, araba umwigishwa wiwe. Amaze kubatizwa, yaratanguye kwigisha mu masinagogi ari kumwe n’abandi bakirisu. Urazi ingene Abayuda bashavuye bamubonye ariko arigisha ivyerekeye Yezu! Bavuze bati: ‘None uwu si wa muntu yahora ahiga abigishwa ba Yezu?’

Sauli yamaze imyaka itatu yamamaza i Damasiko. Abayuda baramwanka ku buryo barondera kumwica. Ariko abavukanyi barabimenye, baca baramuhungisha. Bamushize mu giseke, baca baramwururutsa bamucishije mu gitoboro c’uruzitiro rw’igisagara.

Igihe Sauli yaja i Yeruzalemu, yaragerageje kuja hamwe n’abandi bavukanyi, ariko bo baramutinya. Umwigishwa w’umutima mwiza yitwa Barunaba yarajanye Sauli ku ntumwa, arazibwira ko yahindutse vy’ukuri. Sauli yaciye atangura kwamamaza inkuru nziza n’umwete yifatanije n’ishengero ry’i Yeruzalemu. Yahavuye yitwa Paulo.

“Kristu Yezu yaje mw’isi gukiza abacumuzi . . . Muri abo jewe ndi agahebuza.”​—1 Timoteyo 1:15