Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 98

Inkuru nziza ishika mu bindi bihugu

Inkuru nziza ishika mu bindi bihugu

Intumwa zaragamburutse itegeko Yezu yazihaye ryo kwamamaza inkuru nziza kw’isi yose. Mu mwaka wa 47, abavukanyi b’i Antiyokiya bararungitse Paulo na Barunaba ngo baje kwamamaza mu bindi bihugu. Abo bavukanyi b’abanyamwete baramamaje muri Aziya, barashika i Derube, i Lusitira no muri Ikoniyo.

Paulo na Barunaba barabwira inkuru nziza abantu bose, baba abakene canke abatunzi, abato canke abakuze. Abantu benshi barizeye Kristu. Igihe Paulo na Barunaba bariko barabwira inkuru nziza Serejiyo Paulosi buramatari w’i Shipure, hari umupfumu yashatse kubabuza. Paulo yabwiye nya mupfumu ati: ‘Yehova agira aguhane.’ Ubwo nyene yaciye ahuma. Buramatari Paulosi abibonye, yaciye yizera Yezu.

Paulo na Barunaba baramamaza ahantu hose: ku nzu n’inzu, kw’isoko, ku mabarabara no mu masinagogi. Igihe bakiza umugabo amugaye i Lusitira, ababibonye biyumviriye ko bari imana baca bashaka kubasenga. Ariko Paulo na Barunaba baranse, bababwira bati: ‘Nimusenge Imana yonyene! Twebwe turi abantu.’ Haciye haza Abayuda barosha abo bantu ngo barwanye Paulo. Abo bantu baramuteye amabuye, bamutwara hanze y’igisagara bamutayo, bibaza ngo yapfuye. Ariko ntiyari yapfuye! Abavukanyi baciye baza kumutora, bamusubiza mu gisagara. Paulo yahavuye asubira i Antiyokiya.

Mu 49, Paulo yaragize urundi rugendo rwo kwamamaza. Avuye kuraba abavukanyi bo muri Aziya, yaciye aja kwamamaza i Buraya na ho. Yaragiye i Atene, i Efeso, i Filipi, i Tesalonika n’ahandi. Muri urwo rugendo Paulo yari kumwe na Silasi, Luka n’uwundi musore yitwa Timoteyo. Barakoranye mu gushinga amashengero no mu kuyakomeza mu kwizera. I Korinto Paulo yahamaze umwaka n’igice afasha abavukanyi baho. Yaramamaje, arigisha, arandikira n’amakete amashengero menshi. Yarakora n’akazi ko kujisha amahema. Haciye igihe yarasubiye i Antiyokiya.

Mu 52, Paulo yaragize urugendo rugira gatatu, ahereye muri Aziya. Yaraduze mu buraruko arashika i Filipi hama aramanuka i Korinto. Yaramaze imyaka myinshi i Efeso yigisha, akiza indwara yongera afasha ishengero. Buri musi kandi yarashikiriza abantu insiguro mu kirasi c’ishure rimwe. Abantu benshi baramwumvirije kandi barahinduka. Aho Paulo amariye kwamamaza mu bihugu vyinshi, yaragiye i Yeruzalemu.

“Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa.”​—Matayo 28:19