Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 101

Paulo arungikwa i Roma

Paulo arungikwa i Roma

I Yeruzalemu ni ho Paulo yarangirije urugendo rwa gatatu rwo kwamamaza. Ari ng’aho, yarafashwe arapfungwa. Mw’ijoro, Yezu yaramwiyeretse amubwira ati: ‘Uzoja i Roma kandi uzokwamamazayo.’ Yarakuwe i Yeruzalemu ajanwa gupfungirwa i Sezariya, amarayo imyaka ibiri. Igihe Buramatari Fesito yariko aramusambisha, Paulo yamubwiye ati: ‘Nshaka ko Sezari ari we ancira urubanza, i Roma.’ Fesito yamwishuye ati: “Kwa Sezari ni ho wungururije; kwa Sezari ni ho uzoja.” Paulo yaciye yurizwa ubwato buja i Roma, ajana na Luka na Arisitariko.

Bari mu bwato, haradutse umuyaga mwinshi wamaze imisi uhuhuta. Bose babona ko bahava bapfa. Ariko Paulo yababwiye ati: ‘Bagabo, umumarayika yambwiye mu ndoto ati: “Ntutinye. Uzoshika i Roma kandi abo muri kumwe bose mu bwato nta co bazoba.” Ntimugire ubwoba! Ntituzopfa.’

Uwo muyaga wamaze imisi 14. Baratevye barabona izinga, rikaba ryitwa Malita. Ubwato bwarasetse ikintu buca burameneka, ariko abantu 276 bari muri bwo bashitse ku nkengera amahoro. Bamwe baroze, abandi bagenda barareremba ku mbaho z’ubwo bwato. Abantu b’i Malita barabakiriye neza, barabacanira n’umuriro wo kwota.

Haheze amezi atatu, abasoda barurije Paulo ubundi bwato bamujana i Roma. Ashitseyo, abavukanyi baraje kumuraba. Ababonye, yarashimiye Yehova, yumva araremye. Naho yari apfunzwe, baramwemereye gupanga inzu, ariko yaguma acunzwe n’umusoda. Yahamaze imyaka ibiri. Abantu baraza kumuraba, na we agaca ababwira ivyerekeye Ubwami bw’Imana akongera akabigisha ibijanye na Yezu. Paulo kandi yarandikiye amakete amashengero yo muri Aziya n’i Yudaya. Yehova vy’ukuri yarakoresheje Paulo kugira ashikane inkuru nziza mu bindi bihugu.

“Muri vyose turishimagiza nk’abasuku b’Imana, mu kwihanganira vyinshi, mu makuba, mu bihe vy’umukeno, mu ngorane.”​—2 Abakorinto 6:4