Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 103

“Ubwami bwawe nibuze”

“Ubwami bwawe nibuze”

Yehova yasezeranye ati: ‘Nzohanagura amosozi yose ku maso yabo. Amarira, umubabaro, ingwara n’urupfu ntibizoba bikiriho. Ibintu bibi vyose bizokwibagirwa.’

Yehova yashize Adamu na Eva mw’itongo rya Edeni ngo babeho mu mahoro n’umunezero. Bari gusenga Se wabo wo mw’ijuru kandi bakavyara bakuzura isi. Naho Adamu na Eva bagambarariye Yehova, umugambi wiwe ntiwigeze uhinduka. Muri iki gitabu twarabonye ko ivyo Imana isezerana vyose vyama biranguka. Ubwami bwayo buzozana ivyiza vyinshi kw’isi nk’uko yabisezeraniye Aburahamu.

Vuba Shetani n’amadayimoni yiwe be n’abantu babi bagiye gukurwaho. Abazoba bariho bose bazosenga Yehova. Ntituzorwara canke ngo dupfe. Ahubwo buri musi tuzovyuka dufise inguvu kandi turyoherewe ubuzima. Isi izoba iparadizo. Ico gihe abantu bose bazoba bafise ibifungurwa bikwiye n’amazu mezameza. Bazoba bameze neza kandi nta wuzogirira nabi uwundi. Ibikoko ntibizodutinya kandi natwe ntituzobitinya.

Bizoba biteye umunezero cane Yehova niyatangura kuzura abapfuye. Tuzokwakira abantu ba kera nka Abeli, Nowa, Aburahamu, Sara, Musa, Rusi, Esiteri na Dawidi. Bazodufasha guhindura isi iparadizo. Hazokwama hariho ibikorwa biteye umunezero vyo gukora.

Yehova ashaka ko ari ho uzoba uri. Uzomumenya ku rugero utari bwigere wiyumvira. Nimuze tugume turushiriza kwiyegereza Yehova buri musi, ubu n’ibihe bidahera!

“Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa n’iteka n’ububasha, kubera ko waremye vyose.”​—Ivyahishuwe 4:11