Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Intangamarara y’igihimba ca 1

Intangamarara y’igihimba ca 1

Bibiliya itangura itwiganira ingene Imana yaremye ibintu biboneka, bigatuma dutahura ibintu vyiza igitangaza Yehova yaremye mw’ijuru no kw’isi. Nimba uri umuvyeyi, nufashe umwana wawe gutahura ibintu bitandukanye Yehova yaremye. Numwereke ko Imana yaremye abantu mu buryo butandukanye cane n’ibikoko, kuko twebwe dushobora kuvuga, kwiyumvira, gukora ibintu bishasha, kuririmba no gusenga. Numufashe gutahura ububasha bwa Yehova n’ubwenge bwiwe, na canecane umufashe gutahura urukundo akunda ibiremwa vyiwe, na twebwe turimwo.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

ICIGWA CA 1

Imana irema ijuru n’isi

Bibiliya ivuga ko Imana yaremye ijuru n’isi. Woba uzi igituma yabanje kurema umumarayika umwe imbere y’uko irema ibindi bintu vyose?

ICIGWA CA 2

Imana irema abantu ba mbere

Imana yararemye umugabo n’umugore ba mbere ibashira mw’itongo ry’i Edeni. Yashaka ko bavyara kandi bagahindura isi yose iparadizo.