Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Intangamarara y’igihimba ca 2

Intangamarara y’igihimba ca 2

Kubera iki Yehova yazanye umwuzure wahoneje abantu bari kw’isi? Kuva abantu bagitangura kubaho, hari umwansi yadutse. Abantu bamwebamwe nka Adamu, Eva n’umuhungu wabo Kayini bahisemwo gushigikira uwo mwansi, ari we Shetani. Abandi bake nka Abeli na Nowa bahisemwo gushigikira Imana. Abantu benshi barabaye babi cane ku buryo Yehova abarandura bose. Iki gihimba kizodufasha kumenya ko Yehova abona uwo duhitamwo gushigikira be n’uko atazokwigera areka ngo ikibi gitsinde iciza.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

ICIGWA CA 3

Adamu na Eva bagambararira Imana

Igiti kimwe co muri Edeni cari gitandukaniye he n’ibindi? Kubera iki Eva yariye kuri ico giti?

ICIGWA CA 4

Yarishe mwene wabo

Imana yarashimye ishikanwa rya Abeli ariko ntiyashima irya Kayini. Kayini abibonye yaciye ashavura cane bituma akora ibara.

ICIGWA CA 5

Ubwato bwa Nowa

Igihe abamarayika babi barongora abagore bo kw’isi, bavyaye abana bakomeye kandi basinda. Abantu bose bo kw’isi bakora ibibi. Ariko Nowa yari atandukanye na bo; yarakunda Imana kandi akayigamburukira.

ICIGWA CA 6

Abantu umunani ni bo barokotse

Imvura yamaze imisi 40 n’amajoro 40. Nowa n’umuryango wiwe bamaze umwaka urenga bari mu bwato. Bahavuye basohoka.