Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Intangamarara y’igihimba ca 3

Intangamarara y’igihimba ca 3

Bibiliya iravuga abantu bakeyi bakoreye Yehova mu myaka yakurikiye wa mwuzure. Muri bo harimwo Aburahamu, uwiswe umugenzi wa Yehova. Kubera iki yiswe umugenzi wa Yehova? Nimba uri umuvyeyi, nufashe umwana wawe gutahura ko Yehova amukunda be n’uko yipfuza kumufasha. Nka kumwe kwa Aburahamu hamwe n’abandi bantu b’abizigirwa nka Loti na Yakobo, ntidukwiye kwitinya gusaba Yehova ngo adufashe. Turashobora kwizigira tudakeka ko Yehova azoshitsa ibintu vyose yasezeranye.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

ICIGWA CA 7

Umunara w’i Babeli

Hari abantu bafashe ingingo yo kwiyubakira igisagara hamwe n’umunara ugera kw’ijuru. Kubera iki Imana yaciye ivurunganya indimi zabo?

ICIGWA CA 8

Aburahamu na Sara baragamburutse

Kubera iki Aburahamu na Sara bahevye ubuzima bwo mu gisagara bakaja kuba mu mahema mu gihugu c’i Kanani?

ICIGWA CA 9

Baza baronka umwana!

Imana yoshikije gute umuhango yahaye Aburahamu? Uwo muhango worangutse biciye kuri Izahaki canke Ishimayeli?

ICIGWA CA 10

Mwibuke umugore wa Loti

Imana yaratiburiye umuriro n’amazuku kuri Sodomu na Gomora. Kubera iki ivyo bisagara vyatikijwe? Kubera iki dukwiye kwibuka umugore wa Loti?

ICIGWA CA 11

Imana igeza Aburahamu

Imana yabwiye Aburahamu iti: ‘Tora umwana wawe w’ikinege umutangeko ikimazi ku musozi w’i Moriya.’ Aburahamu yari kuvyifatamwo gute?

ICIGWA CA 12

Yakobo ahabwa intoranwa

Izahaki na Rebeka bari bafise abahungu b’amahasa bitwa Esawu na Yakobo. Kubera yuko Esawu ari we yari mukuru, ni we yari kuronka intoranwa idasanzwe. Kubera iki yayikavye isahani y’indya?

ICIGWA CA 13

Yakobo na Esawu basubira gukundana

Vyagenze gute ngo umumarayika ahezagire Yakobo? Yakobo yakoze iki kugira asubire gukundana na Esawu?