Intangamarara y’igihimba ca 4
Muri iki gihimba turabona ivyerekeye Yozefu, Yobu, Musa n’Abisirayeli. Bose Shetani yarabagerageje cane. Bamwe muri bo bararenganijwe, barapfungwa, baragirwa abaja mbere n’ugupfa barapfa. Ariko Yehova yarabakingiye mu buryo butandukanye. Nimba uri umuvyeyi, nufashe umwana wawe gutahura ukuntu abo basavyi ba Yehova bagumanye ukwizera gukomeye naho bashikiwe n’ingorane.
Yehova yarakoresheje ibihano cumi mu kwerekana ko akomeye kuruta imana zose zo mu Misiri. Nushimike ku kuntu Yehova yakingiye abasavyi biwe muri kahise n’ukuntu abakingira muri iki gihe.
IBIRI MURI IKI GIHIMBA
ICIGWA CA 14
Yozefu yaragamburukiye Imana
Naho Yozefu yakora ibigororotse, yarashikiwe n’ingorane nyinshi. Kubera iki?
ICIGWA CA 15
Yehova ntiyigeze yibagira Yozefu
Naho Yozefu yari kure y’umuryango wiwe, Imana yarerekanye ko yari kumwe na we.
ICIGWA CA 19
Ibihano bitatu vya mbere
Farawo yarakwegeye abantu biwe kubera yanse gukora ikintu coroshe abitumwe n’ubwibone.
ICIGWA CA 21
Igihano kigira cumi
Ico gihano cari gikomeye ku buryo cagondoje wa munyabwibone Farawo.
ICIGWA CA 22
Igitangaro ku kiyaga Gitukura
Farawo yari yarokotse vya bihano cumi, ubwo yari ku kurokoka ivyabereye ku kiyaga gitukura?