Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Intangamarara y’igihimba ca 4

Intangamarara y’igihimba ca 4

Muri iki gihimba turabona ivyerekeye Yozefu, Yobu, Musa n’Abisirayeli. Bose Shetani yarabagerageje cane. Bamwe muri bo bararenganijwe, barapfungwa, baragirwa abaja mbere n’ugupfa barapfa. Ariko Yehova yarabakingiye mu buryo butandukanye. Nimba uri umuvyeyi, nufashe umwana wawe gutahura ukuntu abo basavyi ba Yehova bagumanye ukwizera gukomeye naho bashikiwe n’ingorane.

Yehova yarakoresheje ibihano cumi mu kwerekana ko akomeye kuruta imana zose zo mu Misiri. Nushimike ku kuntu Yehova yakingiye abasavyi biwe muri kahise n’ukuntu abakingira muri iki gihe.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

ICIGWA CA 14

Yozefu yaragamburukiye Imana

Naho Yozefu yakora ibigororotse, yarashikiwe n’ingorane nyinshi. Kubera iki?

ICIGWA CA 15

Yehova ntiyigeze yibagira Yozefu

Naho Yozefu yari kure y’umuryango wiwe, Imana yarerekanye ko yari kumwe na we.

ICIGWA CA 16

Yobu yari nde?

Yaragamburukiye Yehova naho yari mu ngorane.

ICIGWA CA 17

Musa yahisemwo gukorera Yehova

Musa yararokotse kubera ubwenge bwa nyina wiwe.

ICIGWA CA 18

Igisaka caka umuriro

Kubera iki ico gisaka kitasha ngo gitokombere?

ICIGWA CA 19

Ibihano bitatu vya mbere

Farawo yarakwegeye abantu biwe kubera yanse gukora ikintu coroshe abitumwe n’ubwibone.

ICIGWA CA 20

Ibindi bihano bitandatu

Ivyo bihano vyari bitandukaniye he na bitatu vya mbere?

ICIGWA CA 21

Igihano kigira cumi

Ico gihano cari gikomeye ku buryo cagondoje wa munyabwibone Farawo.

ICIGWA CA 22

Igitangaro ku kiyaga Gitukura

Farawo yari yarokotse vya bihano cumi, ubwo yari ku kurokoka ivyabereye ku kiyaga gitukura?