Intangamarara y’igihimba ca 5
Haciye amezi abiri Abisirayeli bajabutse ikiyaga Gitukura, barashitse ku musozi Sinayi. Bari ng’aho, Yehova yaragiraniye na bo isezerano ry’uko bazomubera ihanga ridasanzwe. Yarabakingiye yongera arabaronsa ivyo bakeneye vyose: yarabahaye manu yo kurya, ahantu baba hatagira inkomanzi kandi n’impuzu zabo ntizabahereyeko. Nimba uri umuvyeyi, nufashe umwana wawe gutahura igituma Yehova yahaye Abisirayeli amategeko, itaberenakulo n’abaherezi. Nushimike ku kamaro ko gushitsa ivyo twasezeranye, kuguma twicisha bugufi no kuguma turi intahemuka kuri Yehova.
IBIRI MURI IKI GIHIMBA
ICIGWA CA 23
Bagiranira isezerano na Yehova
Igihe Abisirayeli bari ku musozi Sinayi, baragiraniye n’Imana isezerano ridasanzwe.
ICIGWA CA 24
Bararenze ku vyo basezeranye
Igihe Musa yariko arahabwa ya mabwirizwa cumi, abantu barakoze igicumuro gikomeye.
ICIGWA CA 26
Abatasi 12
Yosuwa na Kalebu bari batandukanye n’abandi bagabo cumi bajanye gutata igihugu ca Kanani.
ICIGWA CA 27
Bagarariza Yehova
Hari ikintu gihambaye Kora, Datani, Abiramu n’abandi bagabo 250 batatahura ku vyerekeye Yehova.