Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Intangamarara y’igihimba ca 5

Intangamarara y’igihimba ca 5

Haciye amezi abiri Abisirayeli bajabutse ikiyaga Gitukura, barashitse ku musozi Sinayi. Bari ng’aho, Yehova yaragiraniye na bo isezerano ry’uko bazomubera ihanga ridasanzwe. Yarabakingiye yongera arabaronsa ivyo bakeneye vyose: yarabahaye manu yo kurya, ahantu baba hatagira inkomanzi kandi n’impuzu zabo ntizabahereyeko. Nimba uri umuvyeyi, nufashe umwana wawe gutahura igituma Yehova yahaye Abisirayeli amategeko, itaberenakulo n’abaherezi. Nushimike ku kamaro ko gushitsa ivyo twasezeranye, kuguma twicisha bugufi no kuguma turi intahemuka kuri Yehova.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

ICIGWA CA 23

Bagiranira isezerano na Yehova

Igihe Abisirayeli bari ku musozi Sinayi, baragiraniye n’Imana isezerano ridasanzwe.

ICIGWA CA 24

Bararenze ku vyo basezeranye

Igihe Musa yariko arahabwa ya mabwirizwa cumi, abantu barakoze igicumuro gikomeye.

ICIGWA CA 25

Itaberenakulo yo gusengeramwo

Muri iryo hema ridasanzwe harimwo isandugu y’isezerano.

ICIGWA CA 26

Abatasi 12

Yosuwa na Kalebu bari batandukanye n’abandi bagabo cumi bajanye gutata igihugu ca Kanani.

ICIGWA CA 27

Bagarariza Yehova

Hari ikintu gihambaye Kora, Datani, Abiramu n’abandi bagabo 250 batatahura ku vyerekeye Yehova.

ICIGWA CA 28

Indogobwa ivuga

Indogobwa yarabonye umuntu Balamu atabona.