Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Intangamarara y’igihimba ca 6

Intangamarara y’igihimba ca 6

Abisirayeli bamaze gushika mu Gihugu c’isezerano, itaberenakulo ni yo yabaye intimatima y’ugusenga kw’ukuri. Abaherezi barigisha iryo hanga amategeko, abacamanza na bo bakariyobora. Iki gihimba kiratwereka ingene ingingo umuntu afata hamwe n’ivyo akora bishobora kugira ingaruka zikomeye ku bandi. Umwisirayeli wese yabaho azi ko hari ico abazwa na Yehova kandi akitwararika ineza ya mugenziwe. Nushimike ku kuntu Debora, Nawomi, Yosuwa, Hana, umukobwa wa Yefuta na Samweli babereye abandi akarorero keza. Niwerekane ko n’abantu bamwebamwe batari Abisirayeli bafashe ingingo yo kuja ku ruhande rw’Abisirayeli kubera yuko babonye ko Imana iri kumwe na bo. Aho twovuga nka Rahabu, Rusi, Yayeli n’Abanyagibeyoni.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

ICIGWA CA 29

Yehova atora Yosuwa

Imana yarahaye Yosuwa ubuyobozi bwodufasha no muri iki gihe.

ICIGWA CA 30

Rahabu anyegeza abatasi

Uruhome rwa Yeriko rwarasenyutse. Ariko inzu ya Rahabu yagumye ihagaze naho yari ifatanye n’urwo ruhome.

ICIGWA CA 31

Yosuwa n’Abanyagibeyoni

Yosuwa yasavye Imana ati: “Zuba, hagarara!” Imana yoba yaramwishuye?

ICIGWA CA 32

Baraki n’abagore babiri badatinya

Yosuwa amaze gupfa, Abisirayeli baciye batangura gusenga ibigirwamana. Ivyo vyatumye bagira ingorane, ariko Yehova yarabafashije biciye ku mucamanza Baraki, umuhanuzikazi Debora na Yayeli n’ikimito ciwe!

ICIGWA CA 33

Rusi na Nawomi

Abapfakazi babiri barasubiye muri Isirayeli. Umwe muri bo ari we Rusi, yaragiye gukora mu mirima, Bowazi aba yamubonye nk’ejo.

ICIGWA CA 34

Gideyoni atsinda Abamidiyani

Igihe Abamidiyani bari barembeje Abisirayeli, baratakambiye Yehova ngo abafashe. Abasoda bakeyi ba Gideyoni bashoboye gute gutsinda abasoda 135.000?

ICIGWA CA 35

Hana asaba Yehova umwana

Elikana yarajana Hana, Penina n’umuryango wiwe gusenga kw’itaberenakulo i Shilo. Hana ari ng’aho, yarasavye Yehova umwana. Haciye umwaka, Samweli yaravutse!

ICIGWA CA 36

Indagano ya Yefuta

Ni indagano iyihe Yefuta yagize kandi kubera iki? Umukobwa wa Yefuta yakoze iki yumvise ivyo se yasezeranye?

ICIGWA CA 37

Yehova avugana na Samweli

Abahungu babiri b’Umuherezi mukuru Eli bakorera kw’itaberenakulo, ariko ntibagamburuka amategeko y’Imana. Ka Samweli koko karagamburuka, kandi Yehova yaravuganye na ko.

ICIGWA CA 38

Yehova aha inguvu Samusoni

Imana yarahaye Samusoni inguvu zo kurwanya Abafilisitiya, ariko igihe Samusoni yafata ingingo mbi, Abafilisitiya baciye bamufata.