Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Intangamarara y’igihimba ca 7

Intangamarara y’igihimba ca 7

Iki gihimba cigana ibintu vyerekeye ubuzima bw’Umwami Sauli n’Umwami Dawidi vyabaye mu kiringo c’imyaka nka 80. Mu ntango, Sauli yaricisha bugufi kandi agatinya Imana. Ariko bidatevye, yarahindutse aranka gukurikiza ivyo Yehova amusaba. Yehova yaramukuyeko amaboko, kandi yahavuye asaba Samweli ngo arobanure Dawidi kugira azosubirire Sauli. Akatari gake, Sauli yaragerageje kwica Dawidi kubera ishari, ariko Dawidi ntiyigeze amwihora. Kubera ko Yonatani umuhungu wa Sauli yari azi ko Dawidi ari we Yehova yatoye, yaramushigikiye adahemuka. Dawidi yarakoze ibicumuro bikomeye, ariko ntiyigeze yanka gukosorwa na Yehova. Nimba uri umuvyeyi, nufashe umwana wawe gutahura akamaro ko kwama akora ibintu nk’uko Imana igomba.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

ICIGWA CA 39

Umwami wa mbere wa Isirayeli

Imana yari yarahaye Abisirayeli abacamanza bo kubayobora, ariko bo bishakira umwami. Samweli yarobanuye Sauli ngo abe umwami wabo wa mbere, ariko Yehova yahavuye amukurako amaboko. Kubera iki?

ICIGWA CA 40

Dawidi na Goliyati

Yehova yaratoye Dawidi ngo azobe umwami wa Isirayeli, kandi Dawidi arerekana igituma yari abereye kuba umwami.

ICIGWA CA 41

Dawidi na Sauli

Kubera iki umwe muri abo bagabo yanka mugenzi we kandi uwankwa yavyifashemwo gute?

ICIGWA CA 42

Umugenzi nyawe kandi adatinya

Umuhungu w’umwami yarabereye Dawidi umugenzi mwiza.

ICIGWA CA 43

Igicumuro c’Umwami Dawidi

Ingingo mbi yakweze ingorane nyinshi.