Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Intangamarara y’igihimba ca 8

Intangamarara y’igihimba ca 8

Yehova yarahaye Salomo ubwenge bwinshi aramutera n’agateka ko kwubaka urusengero, ariko Salomo yahavuye amuheba. Nimba uri umuvyeyi, nusigurire umwana wawe ingene abantu badasenga Yehova batumye na Salomo aheba kumusenga. Ubwami bwarigabuyemwo kubiri, kandi abami babi baratumye Abisirayeli bisuka mu buhuni n’ugusenga ibigirwamana. Abahanuzi ba Yehova benshi baragiriwe nabi bongera baricwa. Yezebeli yaratumye ubwami bwo mu buraruko bwimonogoza mu buhuni. Cari igihe kigoye cane muri kahise ka Isirayeli. Ariko hari hakiriho abasavyi ba Yehova b’abizigirwa benshi, nk’Umwami Yehoshafati n’umuhanuzi Eliya.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

ICIGWA CA 44

Urusengero rwa Yehova

Imana yaremeye ivyo Umwami Salomo yayisavye yongera iramuhezagira cane.

ICIGWA CA 45

Ubwami bugaburwamwo kubiri

Abisirayeli benshi barahevye gusenga Yehova.

ICIGWA CA 46

Ku musozi Karumeli

Imana y’ukuri ni nde? Yehova canke Bayali?

ICIGWA CA 47

Yehova aremesha Eliya

Wibaza ko nawe ashobora kukuremesha?

ICIGWA CA 48

Eliya azura umwana w’umupfakazi

Ibitangaro bibiri vyabereye mu nzu imwe!

ICIGWA CA 49

Umwamikazi mubi

Yezebeli aragira umugambi wo kwica Naboti kugira atware umuzabibu wiwe. Yehova arabona ubwo bukozi bw’ikibi.

ICIGWA CA 50

Yehova atabara Yehoshafati

Umwami Yehoshafati yaratabaje Imana igihe abansi bagira batere Yuda.