Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Intangamarara y’igihimba ca 10

Intangamarara y’igihimba ca 10

Yehova ni we Mwami w’ibiriho vyose. Yamye yifatiye ibintu mu minwe, kandi bizokwama gutyo. Nk’akarorero, yarakuye Yeremiya mu cobo yari guhava apfiramwo. Yarakuye Shaduraki, Meshaki na Abedinego mw’ifuru y’umuriro, Daniyeli na we mu kanwa k’intambwe. Yehova yarakingiye Esiteri kugira ashobore gukiza ihanga ryabo. Ntazoreka ngo ubukozi bw’ikibi bubandanye. Ubuhanuzi bwerekeye ca gishusho kinini na ca giti amahero buremeza ko Ubwami bwa Yehova bugiye gukuraho ubukozi bw’ikibi maze butegeke isi.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

ICIGWA CA 57

Yehova atuma Yeremiya

Ivyo uwo muhanuzi akiri muto yavuze vyatumye abatama bo muri Yuda bashavura cane.

ICIGWA CA 58

Yeruzalemu iturirwa

Abantu bo muri Yuda babandanya gusenga ibigirwamana, bigatuma Yehova abaheba.

ICIGWA CA 59

Abahungu bagamburukiye Yehova

Imisore y’Abayuda yiyemeje kudahemukira Yehova naho yari ku kirimba i Babiloni.

ICIGWA CA 60

Ubwami butazokwigera buvaho

Daniyeli asigura indoto idasanzwe ya Nebukadinezari.

ICIGWA CA 61

Baranse kwunamira igishusho

Shaduraki, Meshaki na Abedunego baranka gusenga igishusho c’inzahabu c’umwami wa Babiloni.

ICIGWA CA 62

Igiti cagereranya ubwami

Nebukadinezari arota ivyomushikiye.

ICIGWA CA 63

Indome ku ruhome

Ayo majambo y’amayobera aboneka ryari, kandi asobanura iki?

ICIGWA CA 64

Daniyeli mu cobo c’intambwe

Nusenge Yehova buri musi nka kumwe kwa Daniyeli!

ICIGWA CA 65

Esiteri arokora abantu b’iwabo

Naho yari umunyamahanga akaba n’impfuvyi, yahavuye aba umwamikazi.

ICIGWA CA 66

Ezira yarigisha amategeko y’Imana

Abisirayeli bahejeje kwumviriza Ezira, baciye basezeranira Imana ikintu kidasanzwe.

ICIGWA CA 67

Uruzitiro rwa Yeruzalemu

Nehemiya yaramenye ko abansi bagomba kubatera. None ni kubera iki atagize ubwoba?