Intangamarara y’igihimba ca 10
Yehova ni we Mwami w’ibiriho vyose. Yamye yifatiye ibintu mu minwe, kandi bizokwama gutyo. Nk’akarorero, yarakuye Yeremiya mu cobo yari guhava apfiramwo. Yarakuye Shaduraki, Meshaki na Abedinego mw’ifuru y’umuriro, Daniyeli na we mu kanwa k’intambwe. Yehova yarakingiye Esiteri kugira ashobore gukiza ihanga ryabo. Ntazoreka ngo ubukozi bw’ikibi bubandanye. Ubuhanuzi bwerekeye ca gishusho kinini na ca giti amahero buremeza ko Ubwami bwa Yehova bugiye gukuraho ubukozi bw’ikibi maze butegeke isi.
IBIRI MURI IKI GIHIMBA
ICIGWA CA 57
Yehova atuma Yeremiya
Ivyo uwo muhanuzi akiri muto yavuze vyatumye abatama bo muri Yuda bashavura cane.
ICIGWA CA 58
Yeruzalemu iturirwa
Abantu bo muri Yuda babandanya gusenga ibigirwamana, bigatuma Yehova abaheba.
ICIGWA CA 59
Abahungu bagamburukiye Yehova
Imisore y’Abayuda yiyemeje kudahemukira Yehova naho yari ku kirimba i Babiloni.
ICIGWA CA 61
Baranse kwunamira igishusho
Shaduraki, Meshaki na Abedunego baranka gusenga igishusho c’inzahabu c’umwami wa Babiloni.
ICIGWA CA 65
Esiteri arokora abantu b’iwabo
Naho yari umunyamahanga akaba n’impfuvyi, yahavuye aba umwamikazi.
ICIGWA CA 66
Ezira yarigisha amategeko y’Imana
Abisirayeli bahejeje kwumviriza Ezira, baciye basezeranira Imana ikintu kidasanzwe.
ICIGWA CA 67
Uruzitiro rwa Yeruzalemu
Nehemiya yaramenye ko abansi bagomba kubatera. None ni kubera iki atagize ubwoba?