Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Intangamarara y’igihimba ca 11

Intangamarara y’igihimba ca 11

Iki gihimba cigana inkuru zo mu Vyanditswe vy’ikigiriki. Yezu yavukiye mu muryango uciye bugufi waba mu gasagara gatoyi. Yarakoranye na se igikorwa co kubaza. Yezu ni we yari gucungura abantu. Yehova yari yaramutoye ngo azobe Umwami mu Bwami bwo mw’ijuru. Nimba uri umuvyeyi, nufashe umwana wawe gutahura ukuntu Yehova yahisemwo neza umuryango Yezu yokuriyemwo. Nimurabe ukuntu Yehova yakingiye Yezu ngo Herodi ntamwice, n’ukuntu ata na kimwe gishobora guhagarika umugambi wa Yehova. Nimwihweze ukuntu Yehova yagenye Yohani ngo ategurire inzira Yezu. Nushimike ku kuntu Yezu yerekanye ko akunda inzira za Yehova n’igihe yari akiri umwana.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

ICIGWA CA 68

Elizabeti aronka umwana

Kubera iki umugabo wa Elizabeti yabwiwe ko atazosubira kuvuga gushika umwana avutse?

ICIGWA CA 69

Gaburiyeli agendera Mariya

Yamushikirije ubutumwa bwahinduye ubuzima bwiwe.

ICIGWA CA 70

Abamarayika batangaza ivuka rya Yezu

Abungere baciye baja kuraba Yezu bacumva ko yavutse.

ICIGWA CA 71

Yehova yarakingiye Yezu

Umwami w’umubisha yagomba kwica Yezu.

ICIGWA CA 72

Yezu akiri muto

Ni gute yatangaje abigisha igihe yari mu rusengero?

ICIGWA CA 73

Yohani ategura inzira

Yohani arakura akaba umuhanuzi. Arigisha abantu ko Mesiya ari mu kuza. None bavyakira gute?