Intangamarara y’igihimba ca 14
Abakirisu bo mu ntango baramamaje inkuru nziza y’Ubwami gushika mu turere twa kure rwose tw’isi. Yezu yarababwiye aho bokwamamaza kandi yaratumye bashobora kwigisha abantu mu ndimi zabo. Ico cari igitangaro. Yehova yarabahaye ubutinyutsi n’ububasha bwo kwihanganira ibigeragezo bikomeye.
Yezu yareretse intumwa Yohani ubuninahazwa bwa Yehova. Mu rindi yerekwa, Yohani yarabonye Ubwami bwo mw’ijuru bunesha Shetani maze buramukuraho. Yarabonye Yezu ari Umwami, ari kumwe n’abantu 144.000 bamufasha kuganza. Yarabonye kandi isi yose yabaye iparadizo, abayiriko bose basenga Yehova mu mahoro no mu bumwe.
IBIRI MURI IKI GIHIMBA
ICIGWA CA 95
Nta cari kubabuza kwamamaza
Abakuru b’idini baricishije Yezu, none ubu na ho bagomba kunumya abigishwa biwe. Ariko ntibanuma.
ICIGWA CA 97
Koruneliyo aronka impwemu nyeranda
Kubera iki Imana irungika Petero mu rugo rw’uwo mugabo kandi atari Umuyuda?
ICIGWA CA 98
Inkuru nziza ishika mu bindi bihugu
Intumwa Paulo n’abandi bamisiyonari baratangura kwamamaza mu bihugu vya kure.
ICIGWA CA 99
Umurinzi w’ibohero amenya ukuri
Idayimoni, nyamugigima n’inkota bivugwako iki muri iyi nkuru?
ICIGWA CA 100
Paulo na Timoteyo
Abo bagabo babiri baramara imyaka myinshi bakorana kandi ari abagenzi.
ICIGWA CA 101
Paulo arungikwa i Roma
Urugendo rurimwo intambamyi nyinshi, ariko nta na kimwe gica intege iyo ntumwa.
ICIGWA CA 103
“Ubwami bwawe nibuze”
Igitabu c’Ivyahishuriwe Yohani kirerekana ingene Ubwami bw’Imana buzohindura ibintu ng’aha kw’isi.