Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Intangamarara y’igihimba ca 14

Intangamarara y’igihimba ca 14

Abakirisu bo mu ntango baramamaje inkuru nziza y’Ubwami gushika mu turere twa kure rwose tw’isi. Yezu yarababwiye aho bokwamamaza kandi yaratumye bashobora kwigisha abantu mu ndimi zabo. Ico cari igitangaro. Yehova yarabahaye ubutinyutsi n’ububasha bwo kwihanganira ibigeragezo bikomeye.

Yezu yareretse intumwa Yohani ubuninahazwa bwa Yehova. Mu rindi yerekwa, Yohani yarabonye Ubwami bwo mw’ijuru bunesha Shetani maze buramukuraho. Yarabonye Yezu ari Umwami, ari kumwe n’abantu 144.000 bamufasha kuganza. Yarabonye kandi isi yose yabaye iparadizo, abayiriko bose basenga Yehova mu mahoro no mu bumwe.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

ICIGWA CA 94

Baronka impwemu nyeranda

Ni ububasha ubuhe impwemu nyeranda ibaha?

ICIGWA CA 95

Nta cari kubabuza kwamamaza

Abakuru b’idini baricishije Yezu, none ubu na ho bagomba kunumya abigishwa biwe. Ariko ntibanuma.

ICIGWA CA 96

Yezu atora Sauli

Sauli ntiyerekwa abakirisu, ariko ibintu bigira bihinduke.

ICIGWA CA 97

Koruneliyo aronka impwemu nyeranda

Kubera iki Imana irungika Petero mu rugo rw’uwo mugabo kandi atari Umuyuda?

ICIGWA CA 98

Inkuru nziza ishika mu bindi bihugu

Intumwa Paulo n’abandi bamisiyonari baratangura kwamamaza mu bihugu vya kure.

ICIGWA CA 99

Umurinzi w’ibohero amenya ukuri

Idayimoni, nyamugigima n’inkota bivugwako iki muri iyi nkuru?

ICIGWA CA 100

Paulo na Timoteyo

Abo bagabo babiri baramara imyaka myinshi bakorana kandi ari abagenzi.

ICIGWA CA 101

Paulo arungikwa i Roma

Urugendo rurimwo intambamyi nyinshi, ariko nta na kimwe gica intege iyo ntumwa.

ICIGWA CA 102

Ivyahishuriwe Yohani

Yezu aramwereka ibintu bizoba muri kazoza.

ICIGWA CA 103

“Ubwami bwawe nibuze”

Igitabu c’Ivyahishuriwe Yohani kirerekana ingene Ubwami bw’Imana buzohindura ibintu ng’aha kw’isi.