Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 5

Ibikorwa vy’agatangaza vy’Imana

Ibikorwa vy’agatangaza vy’Imana

(Zaburi 139)

  1. 1. Mana, unzi mu kantu kose,

    Nicaye cank’iyo mvuye hasi.

    Uramenya n’ibintu niyumvira.

    Mu vyo mvuga n’ivyo ngira

    nta c’utazi.

    Warambona mu nda ya mama,

    Ntaramenya ko ndiho, Mukama,

    Urabona n’uko ndi mw’ido n’ido!

    Ewe Man’imbere yawe

    nzopfukama!

    Ubumenyi bwawe butey’ubwoba;

    Narabonye kw’ico kikuranga.

    Nah’umwiza wontwikira ngatinya,

    Nzi kw’impwemu yawe yohansanga.

    Nonyegera he ga Yehova?

    Ni he nokwihish’amaso yawe?

    Mbe ni mu mva cank’iyo mu majuru?

    Mu mwiza canke mu mazi?

    Nta na hamwe.