URURIRIMBO RWA 15
Shemeza Imfura ya Yehova!
-
1. Shemez’iyo Mfura,
Uw’Imana yimitse.
Hazob’ubutungane
Bumwe bushimishije.
Azokwubahisha Se
Ngw’asubizw’iteka.
Azomuburanira
Bimwe biboneka.
(ICITABIRIZO)
Shemez’iyo Mfura!
Mwe mukor’ivy’agomba.
Yarimitsw’i Siyoni
Ubu ari ku ngoma!
-
2. Shemez’iyo Mfura
Yemeye kutwigura.
Ubu turaharirwa
Ivyo twari kwishura.
Umugeni wa Kristu
Yamwiteguriye
Ngo bibanire kuko
Amurindiriye.
(ICITABIRIZO)
Shemez’iyo Mfura!
Mwe mukor’ivy’agomba.
Yarimitsw’i Siyoni
Ubu ari ku ngoma!
(Raba kandi Zab. 2:6; 45:3, 4; Ivyah. 19:8.)