Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 27

Ihishurwa ry’abana b’Imana

Ihishurwa ry’abana b’Imana

(Abaroma 8:19)

  1. 1. Vub’Iman’izohishura

    Abo yitoreye.

    Bazoganzanya na Kristu

    Wa Mwam’akomeye.

    (ICITABIRIZO)

    Kristu n’abana b’Imana

    Bazohishuranwa,

    Bajemwo mu ntsinzi yiwe,

    Bahabw’intoranwa.

  2. 2. Aba nyuma bazokwumva

    Badakekeranya

    Akamo Krist’abatera

    Ac’abegeranya.

    (ICITABIRIZO)

    Kristu n’abana b’Imana

    Bazohishuranwa,

    Bajemwo mu ntsinzi yiwe,

    Bahabw’intoranwa.

    (IKIRARO)

    Kumwe na we bazorwana

    Ya ndwan’irangiza,

    Bibanire n’uwo mukwe

    Ata kibariza.

    (ICITABIRIZO)

    Kristu n’abana b’Imana

    Bazohishuranwa,

    Bajemwo mu ntsinzi yiwe,

    Bahabw’intoranwa.