Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 30

Dawe, Imana yanje, umugenzi wanje

Dawe, Imana yanje, umugenzi wanje

(Abaheburayo 6:10)

  1. 1. Nah’ubuzima bw’ubu

    Bubamw’intuntu n’amarushwa,

    Ico nzi neza coco,

    “Sinduhir’ubusa.

    (ICITABIRIZO)

    Kukw’Iman’itigera

    Yibagir’ivyiza nakoze.

    Yehov’anyama hafi

    Igihe cose ngw’ampoze.

    Ni w’amp’ivyo nkenera

    mber’akandonsa n’inkomezi.

    Ni we Dawe, Mana yanje,

    N’umugenzi.

  2. 2. Nah’ubuto bwagiye

    Imisi mib’ikaba yaje,

    Naman’icizigiro

    N’ukwizera kwanje.

    (ICITABIRIZO)

    Kukw’Iman’itigera

    Yibagir’ivyiza nakoze.

    Yehov’anyama hafi

    Igihe cose ngw’ampoze.

    Ni w’amp’ivyo nkenera

    mber’akandonsa n’inkomezi.

    Ni we Dawe, Mana yanje,

    N’umugenzi.

(Raba kandi Zab. 71:17, 18.)