URURIRIMBO RWA 34
Tugendere mu gutungana
-
1. Nunsuzume; Mana, nunyihweze.
Raba ko ntunganye, ubon’uko meze.
Umutima wanj’uwutyorore
Maz’umpezagire, nibereh’impore.
(ICITABIRIZO)
Ewe Mana, jew’ugutungana
Ni kwo nzogendana, ni kwo nzokwamana.
-
2. Sinicara hamwe n’ababisha.
Nank’abank’ukuri, bashaka kwihisha.
Ntunyicane n’inkozi z’ikibi,
Zikund’ubusuma n’amacakubiri.
(ICITABIRIZO)
Ewe Mana, jew’ugutungana
Ni kwo nzogendana, ni kwo nzokwamana.
-
3. Narakunze ahant’usengerwa.
Nzoguma nkwambaza kuko nkwiyumvamwo,
Nkikuze ca gicaniro cawe,
Name nkenguruka, nkuyage mpimbawe.
(ICITABIRIZO)
Ewe Mana, jew’ugutungana
Ni kwo nzogendana, ni kwo nzokwamana.
(Raba kandi Zab. 25:2.)