Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 34

Tugendere mu gutungana

Tugendere mu gutungana

(Zaburi 26)

  1. 1. Nunsuzume; Mana, nunyihweze.

    Raba ko ntunganye, ubon’uko meze.

    Umutima wanj’uwutyorore

    Maz’umpezagire, nibereh’impore.

    (ICITABIRIZO)

    Ewe Mana, jew’ugutungana

    Ni kwo nzogendana, ni kwo nzokwamana.

  2. 2. Sinicara hamwe n’ababisha.

    Nank’abank’ukuri, bashaka kwihisha.

    Ntunyicane n’inkozi z’ikibi,

    Zikund’ubusuma n’amacakubiri.

    (ICITABIRIZO)

    Ewe Mana, jew’ugutungana

    Ni kwo nzogendana, ni kwo nzokwamana.

  3. 3. Narakunze ahant’usengerwa.

    Nzoguma nkwambaza kuko nkwiyumvamwo,

    Nkikuze ca gicaniro cawe,

    Name nkenguruka, nkuyage mpimbawe.

    (ICITABIRIZO)

    Ewe Mana, jew’ugutungana

    Ni kwo nzogendana, ni kwo nzokwamana.

(Raba kandi Zab. 25:2.)