Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 40

Turi aba nde?

Turi aba nde?

(Abaroma 14:8)

  1. 1. Mbe wew’ur’uwa nde?

    Ni ’mana nde wumvira?

    Shobuja n’urya wunamira.

    Ni we man’ukurikira.

    Imana zibiri

    Nta zo wobangikanya.

    Ntushobora kuzikunda zose

    Nta zo wofadikanya.

  2. 2. Mbe wew’ur’uwa nde?

    Ni ’mana nde wumvira?

    Imwe ni yo y’ukuri, maze

    Werekan’ah’uhagaze.

    Mbe burya Sezari

    Ni we wiyeguriye?

    Canke Yehova ni we wumvira

    Mu vyo ab’akubwiye?

  3. 3. Mbe jewe nd’uwa nde?

    Yehova nzomwumvira.

    Ni Dawe, ni we nzokorera,

    Name ndamuyobokera.

    Yancunguje vyinshi,

    Uyo nzomwihebera.

    Nzomuninahaza ngihumeka

    Gushika ndinde mpwera.