Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 45

Ivyo umutima wanje uzirikana

Ivyo umutima wanje uzirikana

(Zaburi 19:14)

  1. 1. Ibint’umutima wanje

    Uzirikana bukira

    Bibe ibiguhimbara,

    Kukw’ivyo binduhurira.

    Amagany’ambanye menshi

    Maze nkarara nkanuye.

    Ni wewe nzozirikana,

    Be n’ibintu bitanduye.

  2. 2. Ibitanduye, vy’ukuri,

    Nimba har’ingeso nziza,

    Ibivugwa neza vyose,

    Nivyame bimpumuriza.

    Ni vyo nzirikana, Mana!

    Biri n’agaciro nyako!

    Amajambo yawe ni yo

    Jewe nzoteramirako.