URURIRIMBO RWA 51
Twariyeguriye Imana!
-
1. Yehova yadukwegereye ngo tuze
Ku Mwana wiwe yatwiguze.
Kw’ivyo Yehov’avuze
Ari na vyo twisunze
Ukwizera kwakuze:
Twitanze tubikunze.
(ICITABIRIZO)
Twiyeguriy’Imana duherezako.
Yezu na Se ni bo twihekako.
-
2. Twituye Yehova maze tumubwira
Ko tuzokwama tumwumvira.
Biraryoshe kubwira
Rya zina twikundira
Abantu tuburira.
Twame turivugira.
(ICITABIRIZO)
Twiyeguriy’Imana duherezako.
Yezu na Se ni bo twihekako
(Raba kandi Zab. 43:3; 107:22; Yoh. 6:44.)