URURIRIMBO RWA 64
Tujemwo mw’iyimbura tunezerewe
-
1. Turi mu gihe c’iyimbura.
Iryo ni ’teka ntangere.
Kw’imirima y’ingano yeze
Dushir’igikorw’imbere.
Yezu ni we mboneza kuko
Ayoboy’iryo yimbura.
Turahimbawe kw’ico gikorwa
Na twebwe tukirangura.
-
2. Ko dukund’Imana n’abantu
Dukora twivuy’inyuma.
Kw’iherezo rigira rize,
Dukore nk’ukw’adutuma.
Yehov’araduhezagira
Tugahimbarwa bikwiye.
Turihangana rero gushika
Igikorwa kirangiye.
(Raba kandi Mat. 24:13; 1 Kor. 3:9; 2 Tim. 4:2.)