Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 72

Tumenyekanishe ukuri kw’Ubwami

Tumenyekanishe ukuri kw’Ubwami

(Ivyakozwe 20:20, 21)

  1. 1. Har’igihe twayoberwa

    Aho twoca tudategwa.

    Yehov’ac’arungika

    Umuco wiw’umurika.

    Twarabonye yukw’ashaka

    Ko twumvira tutaraka,

    Tukavugish’akanwa

    Ukungen’ari rurangiranwa.

    Abantu turababwira,

    Ku nzu n’inzu no ku nzira,

    Tukabereka kwa kuri

    Ngo kubaber’urumuri.

    Dukor’igikorwa rwose

    Ngo Yehov’asengwe hose,

    Twame tucijukiye

    Gushik’avuze ko kirangiye.