URURIRIMBO RWA 75
“Ndi hano! Ntuma!”
-
1. Abaguma bat’iceyi
Ku Mana bo si bakeyi.
Ng’‘oya ntinezw’iminiho.’
Ngw’‘ekaye nta Man’iriho.’
Ni nde rya zin’azoryeza?
Ni nde azorishemeza?
(ICITABIRIZO CA 1)
‘Ndi hano, Mukama, ntuma!
Nkuyage ntakuv’inyuma.
Ni ’teka ntangere, Mukama.
Ndi hano! Ntuma, ntuma.’
-
2. Bivugira ngw’iratevye
Kandi yoy’itabahevye.
Sezari be n’ibishusho
Babiseng’ata karusho.
Ni nde azobaburira?
Ya ndwan’akayibabwira?
(ICITABIRIZO CA 2)
‘Ndi hano, Mukama, ntuma!
Mburir’abo bakuvuma.
Ni ’teka ntangere, Mukama.
Ndi hano! Ntuma, ntuma.’
-
3. Abitonda bagandaye
Kuber’ikibi ciraye.
Bahitamwo kwumv’imburi
Yo kurondera kwa kuri.
Ni nd’azobahumuriza?
Ni nd’azoberek’iciza?
(ICITABIRIZO CA 3)
‘Ndi hano, Mukama, ntuma!
Nigish’aboshima kwumva.
Ni ’teka ntangere, Mukama.
Ndi hano! Ntuma, ntuma.’
(Raba kandi Zab. 10:4; Ezk. 9:4.)