Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 75

“Ndi hano! Ntuma!”

“Ndi hano! Ntuma!”

(Yesaya 6:8)

  1. 1. Abaguma bat’iceyi

    Ku Mana bo si bakeyi.

    Ng’‘oya ntinezw’iminiho.’

    Ngw’‘ekaye nta Man’iriho.’

    Ni nde rya zin’azoryeza?

    Ni nde azorishemeza?

    (ICITABIRIZO CA 1)

    ‘Ndi hano, Mukama, ntuma!

    Nkuyage ntakuv’inyuma.

    Ni ’teka ntangere, Mukama.

    Ndi hano! Ntuma, ntuma.’

  2. 2. Bivugira ngw’iratevye

    Kandi yoy’itabahevye.

    Sezari be n’ibishusho

    Babiseng’ata karusho.

    Ni nde azobaburira?

    Ya ndwan’akayibabwira?

    (ICITABIRIZO CA 2)

    ‘Ndi hano, Mukama, ntuma!

    Mburir’abo bakuvuma.

    Ni ’teka ntangere, Mukama.

    Ndi hano! Ntuma, ntuma.’

  3. 3. Abitonda bagandaye

    Kuber’ikibi ciraye.

    Bahitamwo kwumv’imburi

    Yo kurondera kwa kuri.

    Ni nd’azobahumuriza?

    Ni nd’azoberek’iciza?

    (ICITABIRIZO CA 3)

    ‘Ndi hano, Mukama, ntuma!

    Nigish’aboshima kwumva.

    Ni ’teka ntangere, Mukama.

    Ndi hano! Ntuma, ntuma.’

(Raba kandi Zab. 10:4; Ezk. 9:4.)