Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 94

Dukenguruke Ijambo ry’Imana

Dukenguruke Ijambo ry’Imana

(Abafilipi 2:16)

  1. 1. Yehova, dushaka kugushimira

    Ku kw’Ijambo ryawe ridukingira.

    Ni we wahumekeye

    bene kuryandika.

    Riratuyobora, rikamurika.

  2. 2. Riri n’ububasha kuko ryinjira

    Rigashika no mu vyo twiyumvira.

    Amategek’utanga

    aratuyobora.

    Atwerek’inzira mu vyo dukora.

  3. 3. Rirahuye koko n’uko tumeze.

    N’abahanuzi mu bihe vyaheze

    Bari bameze nkatwe,

    na bo bararuha.

    Waragize neza mu kuriduha.