Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 95

Umuco urarushiriza gukayangana

Umuco urarushiriza gukayangana

(Imigani 4:18)

  1. 1. Abahanuzi bipfuje Mesiya,

    We cizigiro ku barira.

    Impwemu yarahishuye ko yoje

    Gutang’uburyo bwo gukira.

    Mesiya rero ub’arahangamye,

    Ivyo biribonekeza.

    N’iteka kwig’ivy’abamarayika

    Na bone bipfuza kwihweza.

    (ICITABIRIZO)

    Umuc’ugum’ukayangana

    Tugac’ahabona neza.

    Iman’igum’ituyobora,

    Ikatuboneshereza.

  2. 2. Yezu yarageny’umushumba mwiza

    Atugaburira ku gihe.

    Umuco wagiye uriyongera,

    Ng’ubwenge bwacu bukarihe.

    Duca mu nzir’irushaho kubona;

    Duca mu muco wakaka.

    Non’ubu tubikesheje Yehova

    Turaca mu nzira ashaka.

    (ICITABIRIZO)

    Umuc’ugum’ukayangana

    Tugac’ahabona neza.

    Iman’igum’ituyobora,

    Ikatuboneshereza.