Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 97

Dutungwa n’Ijambo ry’Imana

Dutungwa n’Ijambo ry’Imana

(Matayo 4:4)

  1. 1. Ni rya Jambo ridutunga.

    Twame turyitaho.

    Kuk’umukate wonyene

    Utotubeshaho

    Ubu turitekaniye;

    Riratwizigiza.

    (ICITABIRIZO)

    Umukate ntuhagije.

    Ni ryo ridutunga

    Buri musi turisome,

    Ni ryo ridutunga.

  2. 2. Abagore n’abagabo

    Bagumye bizeye

    Riratubwir’ukungene

    Bo vyabagendeye.

    Ntirirenge tudasomye

    Ivyabashikiye.

    (ICITABIRIZO)

    Umukate ntuhagije.

    Ni ryo ridutunga

    Buri musi turisome,

    Ni ryo ridutunga.

  3. 3. Buri musi turisomye

    Riraturemesha.

    Nihaz’ibigeragezo

    Ntibizotunesha.

    Tuzigame mu mutima

    Ivyo dusomamwo.

    (ICITABIRIZO)

    Umukate ntuhagije.

    Ni ryo ridutunga

    Buri musi turisome,

    Ni ryo ridutunga.

(Raba kandi Yos. 1:8; Rom. 15:4.)