Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 100

Tubakirane igishika

Tubakirane igishika

(Ivyakozwe 17:7)

  1. 1. Yehova ntiyiger’ab’umwimanyi.

    Kuri bose yam’ar’umwakiranyi.

    Izuba n’imvura

    nta n’umw’abibura;

    Araduhaza tugashima.

    Twitayeho barya baburaniwe,

    Tuba tumwiganye nk’abana biwe.

    Azodushimira

    ku buntu tugira

    Buvuye koko ku mutima.

  2. 2. Mu gihe twofasha ntahonikora,

    Hazovamw’iciza nitwabikora.

    No ku bantu tuba

    tutaz’iyo bava,

    Ni ko gatima katuranga.

    Kumwe kwa Lidiya, tubah’ikaze.

    Baj’iwacu rero bumve bisanze.

    Kandi Dat’arazi

    abanyembabazi

    B’umutim’ukunda gutanga.