Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 104

Imana iraduha impwemu nyeranda

Imana iraduha impwemu nyeranda

(Luka 11:13)

  1. 1. Mana Yehova, munyakigongwe,

    Uraturutir’imitima.

    Duhoze, Mana, uduh’impwemu,

    Kuko tuzi yuk’utoyitwima.

  2. 2. Ntidushikira bwa bwiza bwawe;

    Turahuba, nutugorore.

    Turagusavye, ewe Yehova,

    Ya mpwemu yawe ngw’ituyobore.

  3. 3. Iyo turushe za nguv’uduha

    Ziratugumya nk’umukanda.

    None se Mana nuzituronse;

    Dufashishe ya mpwemu nyeranda.