URURIRIMBO RWA 108
Urukundo rudahemuka rw’Imana
-
1. Ereg’urukundo
Rw’Imana ntiruhemuka.
Twarabonye kw’idukunda
Ko yadutangiy’inkuka.
Gutyo tuzokwironkera
Bwa buzima budahera.
(ICITABIRIZO)
Ya mazi y’ubuzima
Ni ku buntu, tebuka!
Urukundo rw’Imana
Ntaho ruhemuka!
-
2. Ereg’urukundo
Rw’Imana ntiruhemuka.
Yaradukunze gushika
Aho na Yez’imwimika.
Bwa Bwami rero bwashitse
Maz’idutunganirize.
(ICITABIRIZO)
Ya mazi y’ubuzima
Ni ku buntu, tebuka!
Urukundo rw’Imana
Ntaho ruhemuka!
-
3. Ereg’urukundo
Rw’Imana ntiruhemuka.
Natwe nimuze dufashe
Barya bitonda babashe
Kwig’ivy’Iman’itegeka
Twiteho kubibereka.
(ICITABIRIZO)
Ya mazi y’ubuzima
Ni ku buntu, tebuka!
Urukundo rw’Imana
Ntaho ruhemuka!
(Raba kandi Zab. 33:5; 57:10; Ef. 1:7.)