URIRIMBO RWA 112
Yehova ni Imana y’amahoro
-
1. Yehova, wemeye
Kuturons’amahoro.
Duhe ya mpwem’idufashe
Twame ca camwa cayo.
Kwizera wa Mwana
Wawe w’intahemuka
Bitum’ubucuti nawe
Bugenda buraguka.
-
2. Ya mpwem’uturonsa
Na rya Jambo dusoma
Biratuyobora neza
Kuko duc’ahabona.
Mu kurindira ko
Intambara zihera
Duhe ya mahoro yawe,
Ni yo twe turondera.
-
3. Abo wikundira
Kw’isi be no mw’ijuru
Bunz’ubumwe bukomeye
Ngo bavuge ya nkuru.
Bwa Bwami buzoca
Bukurah’intambara,
Duce tuba mu mahoro
Ata ruhagarara.
(Raba kandi Zab. 4:8; Flp. 4:6, 7; 1 Tes. 5:23.)