Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 114

‘Tugaragaze ukwihangana’

‘Tugaragaze ukwihangana’

(Yakobo 5:8)

  1. 1. Yehov’izina ryiwe

    Ararifitiy’ishaka.

    Agomba risubizwe

    Itek’ababi baryaka.

    Mu binjana n’ibindi

    Yagumye yihangana;

    ’Kwiyumanganya kwiwe

    Yamy’akwerekana.

    Agomba yukw’abantu

    B’uburyo bwose bakizwa.

    Kwiyumanganya gutyo

    Bizotum’ashimagizwa.

  2. 2. Natwe kwiyumanganya

    Bituma tumuhimbara.

    Bituma dutekana,

    Tukirinda kurakara,

    Tubon’abandi neza

    Tukanabizigira,

    Tukirinda gutemba

    Mu vyago tugira.

    Kumwe n’iyindi mice

    Y’icamwa ya mpwemu yama

    Twame twiyumanganya

    Maze tubone kurama.