Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 117

Kamere yo kumera neza

Kamere yo kumera neza

(2 Ngoma 6:41)

  1. 1. Ewe Yehov’uri mwiza,

    Wamy’uduhezagira.

    Kandi wewe ntuhemuka,

    Nta woz’abiharira.

    Ubuntu be n’imbabazi

    Wam’ubigaragaza.

    Turakwiye kugusenga

    Be no kukwamamaza.

  2. 2. Ukumera neza kwawe

    Kurigaragariza

    Mu bantu wew’ukoresha

    Bigish’inkuru nziza.

    Inyigisho wew’utanga

    N’abunger’ukoresha,

    Be na ya mpwemu nyeranda

    Nta we bitaremesha.

  3. 3. Ukumera neza kwacu

    Mana, guhezagire,

    Kugirira nez’abandi

    Ntitukavyibagire.

    Mu muryango, mw’ishengero,

    Duhe gukor’ineza,

    Biciye ku mpwemu yawe

    Vyame vyibonekeza.